Icunyunyu fer ni kirumara kumagara yacu kuko gituma amaraso y 'umuntu aronka umwuka mwiza witwa oxygene umuntu akenera mu mubiri. Ayo maraso agaca ashobora gutembera neza mubihimba vyose vy 'umubiri. Iyo umuntu akibuze, bituma adakura neza nubwonko ntibuheze ngo bukore neza,n'abasoda b'umubiri bakagabanuka. Ivyo biratuma ashobora kugwara ingwara nyinshi nk' umusonga, maririya, agasama, ugucibwamwo n'ibindi. Tugisanga mumafi, inyama z'inka n'impene,mu ngano, mubigori , mumasaka no mumboga zisa n'urwatsi rubisi.
No comments:
Post a Comment