Ingagari ni igiterwa gikura kitagira umutumba kikaba kigizwe ahanini n’amababi ariko amahwa kikaba ari kimwe mu biterwa vya mbere ngirakamaro ku magara y’abantu kuko gishobora kuvura kandi kikanakinga n’indwara nyinshi,nkuko vyemezwa na Dr Michael PEUSER ko ico giterwa gishobora kuvura indwara zirenga ijana.
Ariko rero,nubwo ico giterwa ari ngirakamaro ku magara y’abantu,abatari bake ntibaramenya akamaro kaco mbere hari n’abatakizi.Abashakashatsi bavuga ko hoba hari ubwoko bw’ingagari burenga 200, ariko ubwoko bumwe bw’ ingagari akaba aribwo bufise akamaro gusumba ubundi ari nabwo bita Aloe vera barbadensis mu rurimi rw’igifaransa,kuko ubwo bundi busigaye ; bwinshi muribwo bufise ubumara bushobora kwonona amagara y’abantu.
Muti none ico giterwa dushobora kugisanga he ?
Ico giterwa tugisanga mu bihugu bitari bike vyo kwisi mbere n’aha mu burundi kikaba kirimwaho nko muntara zose na cane cane muntara zo mukiyaya hashushe.Abantu rero bamaze kumenya akamaro kaco bakaba bakirima ku mihana iwabo mu ndimo hafi y’urugo bakaguma bakigirira neza nkakurya bafata neza akarima ko mugikoni.Hariho n’ibintu bitari bike bihigurwa murico giterwa dusanga mu ma mangazine atari make yaha mu gihugu cacu mbere no mu mashirahamwe yigenga amwamwe nka Foreva n’izindi.
Ingagari :umuti utazimvye.
Ico giterwa ngo gigishobora guhingurwamwo imiti itari mike bakoresha kwa muganga,ahatwovuga nk’umuti witwa :glyceline,microlax,bisacoldyl n’iyindi,kikongera kigahingurwamwo ibintu nkenerwa mu buzima bw’umuntu bwa misi yose nk’amavuta yo kwisiga, umuti wo koza amenyo,isabuni n’ibindi tutarinze kudondagura.Ngo amababi yaco ashobora kuvura kandi indwara zo ku rukoba :zona,urubandu,ibikomere hamwe n’urukushi ;akanavura ubushe,indwara z’amenyo,..
Hari n’abandi bashakashatsi bavuga ko ico giterwa gifise akamaro kanini mu gukinga za kanceri,no gupfupfahaza umugera wa SIDA,kigakoreshwa mu kuvura indwa zifatira mu mahaha nka asthme,kikagabanya isukari mu mubiri nko ku bagwayi b’igisukari,kikanashobora kugabanya ububare buterwa n’indwara zo munda nk’umushishito n’indwara z’amara,izifatira mu ngingo :rhumatisme na goute,izifatira mu bihimba vy’irondoka ‘infection urinaire’,tutibagiye ko kinafise ububasha bwo kuvura ubumara mugihe umuntu yakomowe n’inzoka canke yariwe n’ikindi kintu nk’inzuki,amavubi n’ibindi.
Ntitwovuga ko ivyo tudondaguye arivyo vyonyene ico giterwa gishobora kudufasha ,ntitwobidondagura ngo tubimare kuko gishobora gutuma n’umuntu adasaza hakiri kare mugihe agikoresheje neza haba mu kwihereza amazi yaco canke kuyisiga no mu gukoresha neza ivyahinguwe murico kuko vyose ari umuti.
Twokoresha gute ico giterwa ?
Dufatiye nko kwisiga amazi y’ingagari mu ntumero yo kugumana umubiri mwiza utagira imikanyari no kugwanya izindi ndwara z’ifatira ku rukoba,ushobora gufata ibabi ryayo ukabanza kurihimbura kugira uronke amazi yayo hanyuma ugafata ibiyiko2 vyayo mazi n’iibiyiko2 vy’isukari ry’igiterwa c’umusigati,ukongera ugafata ikiyiko1 c’umutobe w’indimu ukabivanga gutyo ugaheza ukisiga.Ico giterwa rero ntibapfa uko bagikoresheje kuko igishishwa c’inyuma naco gifita ubumara bushobora kugirira nabi amagara y’abantu ari naco gituma bisaba ubuhinga bukomeye mu kugitegura.
Icari gikwiriye gukorwa
Ingagari n’igiterwa gikomeye ku magara y’abantu kuko gishobora kuvura, gukinga no guhingurwamwo ibintu vyinshi vy’ingirakamaro mu buzima bwa minsi yose ari naco gituma ntumiriye abantu bose kwijukira kurima ico giterwa bakanegera abaganga nk’abavuza imiti y’ikirundi bemewe n’amategeko kugira babigishe ukuntu boshobora kugikoresha ,hama bakijukira no kugura ivyo bintu vyose bihingurwa murico kugira babone kubandanya bagira amagara meza.Leta nayo yari ikwiye guteza imbere ico giterwa mu kukigwiza mu mashirahamwe y’uburimyi n’ubworozi kugira abanyagihugu bazokironke vyoroshe ikongera igahimiriza abajejwe kwigisha kurima kijambere kuja gusigurira abanyagihugu uko bocorora tutibagiye ko yoshobora gushinga umugwi w’abahinga boshobora gufasha mu guhingura ico giterwa kugira ibihingurwa murico bigumane akanovera gutyo gishobore kunganira ubushikirangaji bw’amagara y’abantu n’ukugwanya SIDA mu guteza imbere amagara meza.
No comments:
Post a Comment