Inzoga ni ikintu abantu benshi bakunda kuko ihuza abantu haba ku manza canke mu kuganira.Ariko rero hari abaca bayigira umugenzi mbere bakanayishira imberye gusumba ibindi nk'infungurwa n,ibi'ndi bishobora gutunga umuryango.
Ubushobozi bw'inzoga ku bazinywa.
Abantu benshi iyo bariko baranywa inzoga usanga bavuga ko bariko bivuna akanyota,ariko uko bayinywa niko baguma bagomba iyindi bigatuma batigerera, ivyo bikaba bishobora gutera ingorane pmu muryango kuko baca basesagura itunga ry'umuryango.
Inzoga yoba ari nziza ku magara yacu?
Oya namba,inzoga iratuma ushobora kugwara indwara y'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso,igitigu,igisukari,n'izindi aha ntitwibagiye ko ituma abantu batata .Ntitwovuga ko abanywa inzoga boca bayiheba,ariko nuko bogerageza kwigerera kuko inzoga nyinshi ifise ingaruka mbi ku magara y'abantu.Twirinde kunywa inzoga nyinshi kugira dushobore kwiteza imbere.
No comments:
Post a Comment