Friday, 11 November 2016
Ingaruka mbi z’ukwima imfashanyo Uburundi
Ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulayi, ni bimwe mu bihugu vyahora bifasha uburundi mu bisata bikomakomeye nko mu gisata c’uburimyi vyaterera ibice 80%, mu gisata c’amagara y’abantu bigaterera ibice 60% vy’amahera Leta yakoresha muri ivyo bisata. Ariko rero kuva igenekerezo rya14 ntwarante 2016, niho ivyo bihugu vy,ubumwe bwa bulayi vyafata ingingo yo kudasubira kurungika infashanyo ku burundi, kandi vyari bifitaniye amasezerano yo kuwa 26/06/2014 yo gutanga infashanyo ingana n’imiriyoni432 kuva mu mwaka wa 2014 gushika mwaka wa2020 z’amafaranga y’abanyaburaya (euro), Leta y’uburundi ikaba yari imaze kuronka imiliyoni 110 z’amafaranga y’abanyaburaya. Twomenya ko na Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe na Pays-Bas zaciye zikurikira mugufatira ibihano uburundi, kandi amafaranga yababa ibice 50% leta y’Uburundi yakoresha ku mwaka yatangwa n’ibihugu vyo hanze nkuko tubisanga mu kinyamakuru c’ubu faransa RFI Co kuwa14/03/2016.
Icatumye ivyo bihugu bifata iyo ngingo yo guhagarika gufasha uburundi, ngo nuko Leta y’Uburundi itubahirije ibiri mu masezarano y’i Cotonou mu ngingo ya 96 ivuga ku kugwanya ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ukubahiriza amasezerano y’i Arusha(principes de la démocratie). Kuva ivyo bihano bigiye mu ngiro, ingaruka mbi zitari nke zikaba zimaze kwibonekeza .Ubukene bukaba bwariyongeye mubanyagihugu ,ivyo bikabonekera ku biciro ku masoko aho impuzu yagurwa ibihumbi icumi vy’amafaranga y’amarundi ubu igurwa ibihumbi icumi na bitanu, ikena ry’amafaranga y’agaciro kuko idorari riduga ku munsi kumunsi, akarorero nti kabuze kuko nko mukwezi kw7/2016 idorari ry’abanyamerika ryigeze kuvunjwa 2750 y’amafaranga y’amarundi kandi kuva imbere y’itariki 13/5/2015 ritari bwigere rirenza amafaranga 2000 vy’amafaranga y’amarundi. Hari n’ibindi vyahindutse nko kuduza amakori, gushinga amategeko mashashasha mu bushikiranganji bw’indero mukuvuga ko abanyeshure ba kaminuza bagiye kwiga bahabwa gafashanyo kw’ideni kugira ngo bazogasubize bahejeje amashure.
Haravugwa ko n’abakozi ba Leta nk’abigisha bagiye guhabwa akazi na Komine ikongera ikaba ariyo ibahemba. Izo mpinduka zose zikaba ziriko zishika hari abategetsi bamwe bamwe bagiye barashikiriza ku maradio ko Uburundi bwishoboye naho infashanyo zohagarara. Igitangaje nuko umunyagihugu mutoya ariwe ahagirira ingorane zikomeye narirya aba yarasanzwe abayeho nabi. Ivyo bihano rero si ubwambere bifatirwa uburundi, kuko mu 1996 mugihe Pierre Buyoya yarahejeje guhirika ubutegetsi bwari buhari, amakungu yaciye afatira ibihano Uburundi, bukaba bwaciye bwinjira mu bukene butagira izina nkuko tubibwirwa n’umuhinga muri kahise akaba n’umwigisha muza kaminuza Chritian Thibon.
Leta yarikwiye kubona ko ukwikukira mu butunzi gushika aho yibako bidashoboka mugihe tukiri mugihugu ca mbere gikenye kw’isi. Iyo ataco ufise ufashwa n’ababanyi hamwe n’abagenzi kuko muba mufitanye.Yarikwiye kuguma icuditse n’ibihugu vyahora biyifasha kugira ubuzima bw’umunyagihugu bureke kuguma bubangamirwa, yongere yubahirize amasezerano y’i Cotonou, na cane cane ingingo ya 96 kuko ariyo ntambamyi ya vyose, yongere ishire imbere ibiganiro hagati yabo batavuga rumwe kugira igihugu kireke gutera gisubira inyuma. yongere yubahirize amasezerano y’i Cotonou, na cane cane ingingo ya 96 kuko ariyo ntambamyi ya vyose, yongere ishire imbere ibiganiro hagati yabo batavuga rumwe kugira igihugu kireke gutera gisubira inyuma mu butunzi na Politike.
Subscribe to:
Post Comments (Atom)
Bonjour comment allez-vous?
ReplyDeleteMon nom est Emilio, je suis un garçon espagnol et je vis dans une ville proche de Madrid. Je suis une personne très intéressé de connaître des choses aussi différentes que la culture, le mode de vie des habitants de notre planète, la faune, la flore et les paysages de tous les pays du monde etc., en résumé, je suis un personne qui aime les voyages, l'apprentissage et le respect de la diversité des gens de partout dans le monde.
J'aimerais voyager et rencontrer en personne tous les aspects mentionnés ci-dessus, mais malheureusement, cela coûte très cher et mon pouvoir d'achat est assez faible, alors j'ai imaginé un moyen de voyager avec l'imagination dans tous les coins de notre planète. Il y a quelques ans j'ai commencé une collection de lettres envoyées à mon adresse. Mon objectif était d'avoir au moins 1 lettre de chaque pays du monde. Cet objectif modeste est possible d'obtenir dans la plupart des pays, mais malheureusement il est impossible à réaliser dans d'autres territoires par des plusieurs raisons, soit parce qu'ils sont des pays en guerre, soit parce qu'ils sont des pays avec a extrême pauvreté, soit parce que pour n’importe pas quelle raison, la système postal ne fonctionne pas correctement.
Pour tout cela, je voudrais vous demander une petite faveur:
Pourriez-vous avoir l'amabilité de m'envoyer une lettre par courrier traditionnel de Burundi. Je comprends parfaitement que vous pensez que votre blog n'est pas le lieu approprié pour demander cela, et même, très probablement, vous ignorerez ma lettre, mais je voudrais appeler votre attention sur la difficulté de recevoir une lettre de ce pays, et aussi je ne connais personne, ni où écrire en Burundi afin de compléter ma collection. Une lettre pour moi, c'est comme un petit souvenir, comme si j'ai visité ce pays avec mon imagination et en même temps, l'arrivée des lettres provenant d'un pays est un signe de paix et de normalité et en même temps, une façon originale de promouvoir un pays dans le monde. Mon adresse postale est la suivante:
Emilio Fernandez Esteban
Calle Valencia, 39
28903 Getafe (Madrid)
Espagne
Si vous voulez, vous pouvez visiter mon blog :
www.cartasenmibuzon.blogspot.com
Là, vous pouvez voir toutes les lettres que j’ai reçu de presque tous les pays du monde.
Enfin, je vous remercie profondément l'attention dédiée à cette lettre, et si vous pouvez m'aider ou non, je vous envoie mes meilleurs vœux de paix, de santé et de bonheur pour vous, votre famille et tous vos êtres aimés.
Cordialement
Emilio Fernandez