Friday, 11 November 2016

Ingaruka mbi z’ukwima imfashanyo Uburundi

Ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulayi, ni bimwe mu bihugu vyahora bifasha uburundi mu bisata bikomakomeye nko mu gisata c’uburimyi vyaterera ibice 80%, mu gisata c’amagara y’abantu bigaterera ibice 60% vy’amahera Leta yakoresha muri ivyo bisata. Ariko rero kuva igenekerezo rya14 ntwarante 2016, niho ivyo bihugu vy,ubumwe bwa bulayi vyafata ingingo yo kudasubira kurungika infashanyo ku burundi, kandi vyari bifitaniye amasezerano yo kuwa 26/06/2014 yo gutanga infashanyo ingana n’imiriyoni432 kuva mu mwaka wa 2014 gushika mwaka wa2020 z’amafaranga y’abanyaburaya (euro), Leta y’uburundi ikaba yari imaze kuronka imiliyoni 110 z’amafaranga y’abanyaburaya. Twomenya ko na Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe na Pays-Bas zaciye zikurikira mugufatira ibihano uburundi, kandi amafaranga yababa ibice 50% leta y’Uburundi yakoresha ku mwaka yatangwa n’ibihugu vyo hanze nkuko tubisanga mu kinyamakuru c’ubu faransa RFI Co kuwa14/03/2016. Icatumye ivyo bihugu bifata iyo ngingo yo guhagarika gufasha uburundi, ngo nuko Leta y’Uburundi itubahirije ibiri mu masezarano y’i Cotonou mu ngingo ya 96 ivuga ku kugwanya ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ukubahiriza amasezerano y’i Arusha(principes de la démocratie). Kuva ivyo bihano bigiye mu ngiro, ingaruka mbi zitari nke zikaba zimaze kwibonekeza .Ubukene bukaba bwariyongeye mubanyagihugu ,ivyo bikabonekera ku biciro ku masoko aho impuzu yagurwa ibihumbi icumi vy’amafaranga y’amarundi ubu igurwa ibihumbi icumi na bitanu, ikena ry’amafaranga y’agaciro kuko idorari riduga ku munsi kumunsi, akarorero nti kabuze kuko nko mukwezi kw7/2016 idorari ry’abanyamerika ryigeze kuvunjwa 2750 y’amafaranga y’amarundi kandi kuva imbere y’itariki 13/5/2015 ritari bwigere rirenza amafaranga 2000 vy’amafaranga y’amarundi. Hari n’ibindi vyahindutse nko kuduza amakori, gushinga amategeko mashashasha mu bushikiranganji bw’indero mukuvuga ko abanyeshure ba kaminuza bagiye kwiga bahabwa gafashanyo kw’ideni kugira ngo bazogasubize bahejeje amashure. Haravugwa ko n’abakozi ba Leta nk’abigisha bagiye guhabwa akazi na Komine ikongera ikaba ariyo ibahemba. Izo mpinduka zose zikaba ziriko zishika hari abategetsi bamwe bamwe bagiye barashikiriza ku maradio ko Uburundi bwishoboye naho infashanyo zohagarara. Igitangaje nuko umunyagihugu mutoya ariwe ahagirira ingorane zikomeye narirya aba yarasanzwe abayeho nabi. Ivyo bihano rero si ubwambere bifatirwa uburundi, kuko mu 1996 mugihe Pierre Buyoya yarahejeje guhirika ubutegetsi bwari buhari, amakungu yaciye afatira ibihano Uburundi, bukaba bwaciye bwinjira mu bukene butagira izina nkuko tubibwirwa n’umuhinga muri kahise akaba n’umwigisha muza kaminuza Chritian Thibon. Leta yarikwiye kubona ko ukwikukira mu butunzi gushika aho yibako bidashoboka mugihe tukiri mugihugu ca mbere gikenye kw’isi. Iyo ataco ufise ufashwa n’ababanyi hamwe n’abagenzi kuko muba mufitanye.Yarikwiye kuguma icuditse n’ibihugu vyahora biyifasha kugira ubuzima bw’umunyagihugu bureke kuguma bubangamirwa, yongere yubahirize amasezerano y’i Cotonou, na cane cane ingingo ya 96 kuko ariyo ntambamyi ya vyose, yongere ishire imbere ibiganiro hagati yabo batavuga rumwe kugira igihugu kireke gutera gisubira inyuma. yongere yubahirize amasezerano y’i Cotonou, na cane cane ingingo ya 96 kuko ariyo ntambamyi ya vyose, yongere ishire imbere ibiganiro hagati yabo batavuga rumwe kugira igihugu kireke gutera gisubira inyuma mu butunzi na Politike.