Monday, 27 June 2016
Icunyunyu citwa vitamineA gituma umuntu atarwara ingwara y,uruhumyi,arico gituma umwana avutse bategerezwa kumuha urucanco rwa vitamineA kumezi icenda.Ico cunyunyu tigisanga mubifungurwa nk,ikaroti,pinari,muvyamwa nko mu micungwe,ipapaye'n,ibindi.umubiri w,umuntu rero urakenera ivyunyunyu bitandukanye kugira ushobore kwikingira indwara nyinshi.
Wednesday, 22 June 2016
Akamaro k icunyunyu iode n ingaburo tugisangamwo
Icunyunyu iode gifise akamaro kanini kumagara y,abantu kuko iyo umuntu akibuze aca agira ico bita lesions celebrales irreversibles ubwonko ntibushobore gukura neza,umuntu agashobora kugwara ingwara y,umwingo,ico cunyunyu tugisanga mumazi,munyama,mu mafi ,muvyamwa vyo mumazi,mu mboga nk ibiharage bitoto.
Thursday, 16 June 2016
Icunyunyu fer nakamaro kaco.
Icunyunyu fer ni kirumara kumagara yacu kuko gituma amaraso y 'umuntu aronka umwuka mwiza witwa oxygene umuntu akenera mu mubiri. Ayo maraso agaca ashobora gutembera neza mubihimba vyose vy 'umubiri. Iyo umuntu akibuze, bituma adakura neza nubwonko ntibuheze ngo bukore neza,n'abasoda b'umubiri bakagabanuka. Ivyo biratuma ashobora kugwara ingwara nyinshi nk' umusonga, maririya, agasama, ugucibwamwo n'ibindi. Tugisanga mumafi, inyama z'inka n'impene,mu ngano, mubigori , mumasaka no mumboga zisa n'urwatsi rubisi.
Subscribe to:
Posts (Atom)