Monday, 10 July 2017

Hemorroïde :indwara y'igisokoro

⚠  *HÉMORROÏDES*⚠  💮 *INDWARA Y'IGISOKORO*💮
____________________
🔴 *Indwara y'igisokoro* ni imwe mu ndwara zikomeye cane kandi ibabaza kandi isinzikaje benshi mu gihugu.Ariko *muhumure* igihe mwababaye kigiye gushika kwiherezo.

*💮HÉMORROÏDE NI IKI?💮*❓❓
_____________________

Ni indwara irangwa *n'ivyimba ry'imitsi* yo mugihimba gisohora umwanda mukuru *( Anus)* maze bigatera ivirirana kandi rimwe na rimwe igasohoka hanze.

👾 *UBWOKO BWA HÉMORROÏDES*👾
____________________

1⃣ *.Igisokoro c'indani ( Hémorroïde interne )*

2⃣. *Igisokoro co hanze ( Hémorroïde externe)*

       🔺 👉 *IKIBITERA(cause)*🔺______________________


➖ *Akaronda* ( Disposition familiale)

➖ *Iyo umugore afise imbanyi* ( grossesse)

 ➖ *Iyo umukenyezi yibaruka* ( Accouchement)

➖ *Kugumbiza* ( constipation)

➖ *Kwama wicaye* ( position assise)

➖ *Inzoga* ( Alcool)

➖ *Indya zitarwiriyemwo utugozigoz*( fibres).

     🔹 *IBIMENYETSO(symptômes)*🔹
____________________

🔻 *Kuri hémorroïdes internes:*

➖ Kuvirirana amaraso ugiye ku mwanda mukuru.

➖Gusarasatwa ( démangeaisons) no kwakaka (inflammation) muri rectum indani.

🔻 *Kuri hémorroïdes externes:*

➖Udukomere kuri anus

➖ Gusohoka kw'imitsi hanze

➖ Kwakaka kuri Anus (Brûlures)

➖Kubabara cane gose mu gisusu ndani.

👉Mu vyukuri iyo bigeze aho umurwayi aba abangamiwe birenze urugero kuko aba afise ububabare na cane cane iyo agiye ku mwanda mukuru.

✅ *WOHITAMWO KWIVUZA GUTE?*✅
_____________________

🔱 *Hari Inzira zitatu zokwivura:*

1⃣. *Gufata imiti y'ikizungu* ( Médicaments chimiques) igabanya ububabare.

*❗MN❗*.Ku bayikoresheje,ntaco yigeze ibamarira mu vyukuri kandi ifise ingaruka nyinshi ku murwayi wa   *w'igisokoro(hemorroïdes)* kuko ishobora kumurwaza indwara zo mu nda *( ulcères peptiques, gastrite,...).*

2⃣. *Kwibagisha* ( Opération chirurgicale)

Iyi nayo ikaba ifise Inzira *zitatu* ikorwamwo bivanye nuko umuganga yasanze ikibazo c'umurwayi kimeze:

*1)* *Gukurako burundu* (Ablation compète) igihimba carwaye.

*2)Gukata ibice vyafashwe* ( ligature élastique des hémorroïdes)

*3)Gukuramwo aho amaraso yavuriye hakavyimba bakoresheje Rayon infrarouge*

❗Ivyo navyo bikaba bifise *ingaruka mbi nyinshi caane* ,kuko bishobora kugaruka canke bikarwaza abantu *cancer* zo muri *rectum*.

Wokwibagisha mugihe Inzira zose zanse atakundi uri bugire.

3⃣ *Kwivuza imiti kama* ( produits naturels:

*1)Bery nectar* ou
  *Aloé véra gel*
*2)Bee  propolis*
*3)gingko plus*
*4)Garlic thym* etc(nibindi)


👆Iyo niyo nzira yihumure ku barwayi ba
*Hémorroïdes*

*⚠UMURWAYI YOKWIRINDA IKI*⚠
_______________________

➖ *Guterura ibintu biremeye.*

➖ *Ibirungu bikaze*( moutarde,ipiripiri,...)

*Ibinyobwa bimwe bimwe* Icayi,ikawa,Inzoga,n'amafanta

*Indya zitera kugumbiza*  ( Inyama,Amata,amagi,umuceri wera,imikate,amabenyi,ikirobeke,uburobe)



🥒🍾 *INGABURO IBIHEZA*🥒🍾
_____________________
*Ingaburo zibiheza* ni nyinshi caane dushobora gufashisha abarwayi batwituye,baramutse badusanze twobafasha.


*NIBIHE BINDI VYOKORWA VYOFASHA UMURWAYI?*🥃🍼🍶🍵🍾🥗
______________________

👇Hari vyinshi umurwayi yokora:


➖ Kora imyimenyerezo ngororamubiri *(sport)*

➖Fungura indya zitunze utugozigozi ( *fibres*) Ibijumbu,ibiraya,choux-fleurs, inkere(fraises),ipapayi,...

➖Runga amavuta ya elayo ( Huile d'olive) ku nfungurwa ugiye kurya.

Friday, 7 July 2017

Ingagari:igiterwa c'akataraboneka kumagara y'abantu.


Ingagari ni igiterwa gikura kitagira umutumba kikaba kigizwe ahanini n’amababi ariko amahwa kikaba ari kimwe  mu biterwa vya mbere ngirakamaro ku magara y’abantu kuko gishobora kuvura kandi kikanakinga n’indwara nyinshi,nkuko vyemezwa na Dr Michael PEUSER ko ico giterwa gishobora kuvura indwara zirenga ijana.
Ariko rero,nubwo ico giterwa ari ngirakamaro ku magara y’abantu,abatari bake ntibaramenya akamaro kaco mbere hari n’abatakizi.Abashakashatsi bavuga ko hoba hari ubwoko bw’ingagari burenga 200, ariko ubwoko bumwe bw’ ingagari akaba aribwo bufise akamaro gusumba ubundi ari nabwo bita Aloe vera barbadensis mu rurimi rw’igifaransa,kuko ubwo bundi busigaye ; bwinshi muribwo bufise ubumara bushobora kwonona amagara y’abantu.  
Muti none ico giterwa dushobora kugisanga he ?
Ico giterwa tugisanga mu bihugu bitari bike vyo kwisi mbere n’aha mu burundi kikaba kirimwaho nko muntara zose na  cane cane muntara zo mukiyaya hashushe.Abantu rero bamaze kumenya akamaro kaco bakaba bakirima ku mihana iwabo mu ndimo hafi y’urugo bakaguma bakigirira neza nkakurya bafata neza akarima ko mugikoni.Hariho n’ibintu bitari bike bihigurwa murico giterwa dusanga mu ma mangazine atari make yaha mu gihugu cacu mbere no mu mashirahamwe yigenga amwamwe nka Foreva n’izindi.
Ingagari :umuti utazimvye.
Ico giterwa ngo gigishobora guhingurwamwo imiti itari mike bakoresha kwa muganga,ahatwovuga nk’umuti witwa :glyceline,microlax,bisacoldyl n’iyindi,kikongera kigahingurwamwo ibintu nkenerwa mu buzima bw’umuntu bwa misi yose nk’amavuta yo kwisiga, umuti wo koza amenyo,isabuni n’ibindi tutarinze kudondagura.Ngo amababi yaco ashobora kuvura kandi indwara zo ku rukoba :zona,urubandu,ibikomere hamwe n’urukushi ;akanavura ubushe,indwara z’amenyo,..
Hari n’abandi bashakashatsi bavuga ko ico giterwa gifise akamaro kanini mu gukinga za kanceri,no gupfupfahaza umugera wa SIDA,kigakoreshwa mu kuvura indwa zifatira mu mahaha nka asthme,kikagabanya isukari mu mubiri nko ku bagwayi b’igisukari,kikanashobora kugabanya ububare buterwa n’indwara zo munda nk’umushishito n’indwara z’amara,izifatira mu ngingo :rhumatisme na goute,izifatira mu bihimba vy’irondoka ‘infection urinaire’,tutibagiye ko kinafise ububasha bwo kuvura ubumara mugihe umuntu yakomowe n’inzoka canke yariwe n’ikindi kintu nk’inzuki,amavubi n’ibindi.
Ntitwovuga ko ivyo tudondaguye arivyo vyonyene ico giterwa gishobora kudufasha ,ntitwobidondagura ngo tubimare kuko gishobora gutuma n’umuntu adasaza hakiri kare mugihe agikoresheje neza haba mu kwihereza amazi yaco  canke kuyisiga no mu gukoresha neza ivyahinguwe murico kuko vyose ari umuti.
Twokoresha gute ico giterwa ?
Dufatiye nko kwisiga amazi y’ingagari mu ntumero yo kugumana umubiri mwiza utagira imikanyari no kugwanya  izindi ndwara z’ifatira ku rukoba,ushobora gufata ibabi ryayo ukabanza kurihimbura kugira uronke amazi yayo hanyuma ugafata ibiyiko2 vyayo mazi n’iibiyiko2 vy’isukari ry’igiterwa c’umusigati,ukongera ugafata ikiyiko1 c’umutobe w’indimu ukabivanga gutyo ugaheza ukisiga.Ico giterwa rero ntibapfa uko bagikoresheje kuko igishishwa c’inyuma naco gifita ubumara bushobora kugirira nabi amagara y’abantu ari naco gituma bisaba ubuhinga bukomeye mu kugitegura.
Icari gikwiriye gukorwa
Ingagari n’igiterwa gikomeye ku magara y’abantu kuko gishobora kuvura, gukinga no guhingurwamwo ibintu vyinshi vy’ingirakamaro mu buzima bwa minsi yose ari naco gituma ntumiriye abantu bose kwijukira kurima ico giterwa bakanegera abaganga nk’abavuza imiti y’ikirundi bemewe n’amategeko kugira babigishe ukuntu boshobora kugikoresha ,hama bakijukira no kugura ivyo bintu vyose bihingurwa murico kugira babone kubandanya bagira amagara meza.Leta nayo yari ikwiye  guteza imbere ico giterwa mu kukigwiza mu mashirahamwe y’uburimyi n’ubworozi kugira abanyagihugu bazokironke vyoroshe ikongera igahimiriza abajejwe kwigisha kurima kijambere kuja gusigurira abanyagihugu uko bocorora tutibagiye ko yoshobora gushinga umugwi w’abahinga boshobora gufasha mu guhingura  ico giterwa kugira ibihingurwa murico bigumane akanovera gutyo gishobore kunganira ubushikirangaji bw’amagara y’abantu n’ukugwanya SIDA mu guteza imbere amagara meza.



Thursday, 22 June 2017

Tubungabunge amagara yacu mu kwicandagisha

Igenekerezo rya 19 gushika gushika 22 ruheshi,n 'indwi yahariwe amagara meza y'abavyeyi n'ubibondo.Iyo ndwi rero ikaba yaranzwe n'ibikorwa vyo gucanda abana batarenza imyaka itanu mu kubakingira uruhumyi, n'ukubaronsa imiti y'inzoka .Iyo miti y'nzoka ikaba yaranatanzwe no kubakenyenyezi tutibagiye n'ugukinga indwara ya canseri y'igitereko kubana babigeme bose batarenza imyala 15.
Nihweje rero ivyo bikorwa vy'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ,birerekana neza ko bwitayeho amagara y'abantu.Ariko rero abarundi ntituratahura ko amagara ari amazi aseseka ntibayore kuko izo ncanco zitangwa ku buntu ariko ugasanga ico gikorwa nticitabirirwa k'urugero rushimishije kandi iyo umuntu afashwe nizo ndwara ashobora kwivuza ku mafaranga menshi ,mbere abarundi benshi tudashobora kuronka vyoroshe n'ukuyabura tukayabura bigatuma abatari bake baca nahitanwa nizondwara mu mwanya muto.
Leta irakwiye kugwiza inyigisho ku banyagihugu kugira biteho gusumba kubungabunga amagara yabo.Abanyagihugu natwe tukamenya ko ata numwe azoza yitwararika amagara yacu mugihe twebwe nyene tutayitwararitse ubwa mbere mu kuyabungabumga.lvyo bigiye mu ngiro igihugu kizotera imbere kuko amagara meza ariwo mushinge w'iterambere.

Tuesday, 16 May 2017

La semaine du 15 mai 2017,campagne de vaccination contre la rougeole au Burundi


La rougeole est une maladie virale grave extrêmement contagieuse. En1980 avant la vaccination,on estimait à 2,6millions de décès par an dus à la rougeole au niveau mondiale selon I'OMS.

Au Burudi,la semaine du 15 mais 2017,c,est une semaine de renforcement de la 2ème dose de vaccination contre la rougeole.cette introduction de la 2eme dose  de vaccination au Burundi a eté célebré le 15 janvier2013dans le but d,ameliorer la santé des enfants.
En effet,la 1ere et la 2eme dose a permis de réduire98%de la mortalité infantile liée à la rougeole en l,an2000-2012 selon GAVI.

"La vaccination reste l,une des intervention de santé les plus efficaces et les moins couteuses au niveau mondiale pour réduire la mortalité et la morbidité infantiles.Elle est un droit qui doit être réalisé pour tous les enfants y compris les plus vulnérables et marginalisés"a dit Johannes wedening,représentant de l'UNICEF au Burundi.
1
Chers burundais,luttez contre la rougeole et songez toujours à se faire vacciné en cas de besoin .

Wednesday, 3 May 2017

Ukunywa inzoga ntivyari bikwiye kuba akamenyero

Ingaruka mbi y'inzoga ku magara y'abantu ni nyinshi cane.
Inzoga ni ikintu abantu benshi bakunda kuko ihuza abantu haba ku manza canke mu kuganira.Ariko rero hari abaca bayigira umugenzi mbere bakanayishira imberye gusumba ibindi nk'infungurwa n,ibi'ndi bishobora gutunga umuryango.
Ubushobozi bw'inzoga ku bazinywa.
Abantu benshi iyo bariko baranywa inzoga usanga bavuga ko bariko bivuna akanyota,ariko uko bayinywa niko baguma bagomba  iyindi bigatuma batigerera, ivyo bikaba bishobora gutera ingorane pmu muryango kuko baca basesagura itunga ry'umuryango.
Inzoga yoba ari nziza ku magara yacu?
Oya namba,inzoga iratuma ushobora kugwara indwara y'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso,igitigu,igisukari,n'izindi aha ntitwibagiye ko ituma abantu batata .Ntitwovuga ko abanywa inzoga boca bayiheba,ariko nuko bogerageza kwigerera kuko inzoga nyinshi ifise ingaruka mbi ku magara y'abantu.Twirinde kunywa inzoga nyinshi kugira dushobore kwiteza imbere.

Saturday, 11 March 2017

Twijukire kwisuzumisha umugera wa SIDA ku ngombwa yacu

Ugutinya kw’isuzumisha umugera w’indwara ya SIDA ni kimwe mu bituma iyo ndwara iguma isinzikaza abarundi. Indwara y ‘umugera wa SIDA, ni indwara yamenyekanye mu burundi kuva mu mwaka 1983, abantu rero bakaba baciye bayifata nk’ikiza kuko ari indwara idakira kandi yandukira biciye mu buryo bw’inshi nko mu gukoresha ibikoresho bitobora uruhu vyakoreshejwe n’uwuyigwaye,mu busambanyi n’ibindi. Kugiratu abantu bashobore kuyigwanya,leta ikaba yarasizeho itegeko ry’uko umuntu wese azoba ashaka kubaka ugwiwe biciye mu mategeko azobanza kuja kwa muganga kugira ashobore kwi pimisha gutyo amenye ko bagiye kubakana bose bakomeye.Twomenya ko n’abagore baje gusuzumisha imbanyi ubwa mbere bategerezwa kwipimisha uwo mugera.Hambavu yiryo tegeko,leta y’Ubururundi ikaba yama iriko irahimiriza abanyagihugu kugira bame baja kwipimisha kungombwa yabo uko amezi atatu aheze kugira babeho bazi uko amagara yabo yifashe na cane kuvyerekeye ico kiza. Abarundi boba bigenza gute mu kugerageza kwitaho amagara yabo mu kwisuzumisha? Haba kuzindi ngwara zibangamira amagara y’abantu ,ndetse nico kiza,icibonekeza nuko abarundi tutaramenya neza uko twobungabunga amagara yacu,kuko abatari bake bibuka kuja kwa muganga ari uko bagwaye bakagera kure ,bakibagira ko hari indwara nyinshi umuntu agendana atazi mbere zikazogera kwibonekeza zitagishobora kuvugwa ngo zikire, abenshi bagaca bivugira ngo naka yishwe n’amarozi naho vyavuye mu kutitaho amagara yiwe ngo yisuzumishe hakiri kare. Igituma batinya kwipimisha. Umwigeme umwe twayaze mugihe yarazananye na mugeziwe kwisuzumisha umugera wa sida kuko bashaka kubaka urwabo ,ndamubajije ko atari bwigere yipimisha ,yanyishuye ati :naha nje kubera ari itegeko. Ndamubajije igituma atabikunda yanyishuye ati :mugihe ugiye kwisuzumisha ugasanga waramaze kwandura uca wihebura kuko uca ubona ko ubuzima bwawe bugiye kurangira vuba bigatuma atamigambi y’iterabere uba ukirangura. Akamaro ko kwisuzumisha umugera wa SIDA. Iyo umuntu amenye neza ko akomeye,biramufasha mu gushobora kuguma abungabunga neza amagara yiwe kugirango ntiyandure uwo mugera.No kuwamaze kuwandura nyene ,akamaro ni kanini cane kuko nawe bimutuma amenya uko ashobora kwifata mu kutanduza abandi no mu kutaguma yongereza imigera mu mubiri bigatuma agabanya ikiringo co kubaho.Ikindi naco nuko aca amenya ko ashobora kwegera muganga kugira amuhe impanuro zizotuma ashobora kwifata mu mibereho ya misi yose,hama akegera amashirahamwe ajejwe gufata mu mugongo abagwayi ba SIDA kugira azagume aronswa imiti ipfupfahaza iyo ndwara k’ubuntu. Ico twari dukwiye kumenya. Abantu twese turakwiye kumenya ko amagara ari amazi aseseka ntibayore ,tukijukira kwipimisha umugera wa sida kugushaka kwacu kugira tumenye ukuntu twoshobora kwikingira mu gihe dusanze tutarandura,dusanze twaranduye naho tukamenya uko dushobora kwigenza dukurikije impanuro zo kwa muganga.Umugwayi wa sida ,mugihe akwirikije neza impanuro zo kwa muganga, arashobora kurambana iyo ndwara mbere akanarangura n’imigambi y’iterambere nk’abandi,tutibagiye ko ashobora n’ukwibaruka,abana bakomeye ,ari naco gituma atawarakwiye kwihebura ngo nuko asanze yaranduye umugera wa sida.

Sunday, 18 December 2016

Indwara ya SIDA n,indwara nk,izindi

Indwara ya SIDA ni indwara nk,izindi.lndwara ya SIDA iri mu ndwara zambere zibangamiye abantu mu gihugu cacu havuye indwara ya malaria kandi abantu benshi bakaba bayitinya cane kusumba izindi .Ariko rero nubwo iyo ndwara abantu benshi bayitinya kuburyo n,uwuyirwaye bashaka kumuharira ivomo bigatuma uwuyirwaye aca yihebura mbere agaca atinya n,ukwimenyekanisha ko ayirwaye,ni indwara nk,izindi kuko uwuyirwaye ashobora kuyirambana gusumba n,abakomeye.Ivyo navyo bigashoboka mugihe uwuyirwaye ashoboye kuyemanga akaja kwa muganga agakurikiza impanuro baba bamuhaye no gufata imiti ufufahaza.Umurwayi wa SIDA ashobora no kurangura imigambi y iterambere nk 'abandi.Umugabo umwe agwaye iyo 'ndwara aremeza ko amaze imyaka mirongo ine agwaye iyo ndwara ,kandi kuva ayirwaye amaze kuvyara abana 3 kandi bose bakaba bavuka bakomeye kubera ko akwirikiza impanuro za muganga.Ico umuntntu yohanura aba'nyagihugu nuko uwurwaye iyo ndwara atokwihebura kuko uwuyirwaye ari umurwyi nkabandi kandi agashobora kurangura imigambi y iterambere nk,abandi mbere akanayirambana.Birakwiye rero ko umuntu wese yokwijukira kwipimisha kugira amenye ko atanduye uwo mugera asanze yaranduye naho akitura abaganga kugira bamufashe.Uwuyirwaye nawe ntaharirwe ivomo kuko umurwayi wa SIDA ari umurwayi nk,abandi.