Friday, 6 October 2017
Ni gute leta yobandanya iteza imbere umwuga w'ubuvuzi?
Umwuga w’ubuvuzi ni umwuga uhambaye cane kuko ariwo ukurikirana iterambere ry’amagara y’abantu ,ariko bikibonekeza neza ko uwo mwuga ugenda uratitituka bivanye n’imvo nyinshi zitandukanye.
Ukugwanya amashure adakwije ivyangombwa
Nta minsi mwinshi irahera twumvise umushikiranganji w’amagara y’abantun’ukugwanya SIDA afashe ingingo yo gufuta amashure ashika kuri 10 adakwije amategeko y’igisha ivyo kuvura aha twovuga nk’ishure ry’isumbuye ryigisha kuvura SALAMA ,ishule ry’ubuhinga bwo kuvura ry’i Makamba(Ecole technique medicale de makamba),ishule ry’ubuvuzi ryo mu Kamenge(ecole paramedicale de kamenge) n’izindi.Ivyo bigaca vyerekana neza ko hari amashure menshi yigisha ivy’ubuvuzi ata bubasha bukwiye afise aha twovuga nk’inzu y’ubushakashatsi laboratoire,abigisha babinonosoye bikwiye,ibitabu bikwiye n’ibindi.
Umunyeshure yiga ivyo ubuganga ategerezwa kuba afise ubumenyi bukwiye kugira azoshobore gukwirikirana neza amagara y’abantu.
Ugutuza imiti y’amagendu
Intambamyi sizo gusa,turakunze kubona abantu badandaza imiti y’amagendu kandi batavyigiye,ndetse batazwi imbere y’amategeko,nivyo bikaba biri mubintu bituma amagara y’abantu asubira inyuma kuko bashobora kudandaza imiti yataye igihe canke bagatanga imiti itajanye n’indwara uwo muntu aba agwaye ari naho hashobora kwaduka izindi ndwara mbere zifise ubukare busumba iyo aba yarasanganwe bigatuma iyo ndwara itaba igikira canke umugwayi akazoyivuza ku mahera y’umurengera kugira ashobore gukira.
Gufatira ibihano abakozi batitwararika akazi ko kwa muganga.
Amavuriro amwamwe usanga abakozi bitondera amasaha bishakiye ,abandi nabo ugasanga mukwakira umurwayi bisaba ’umwanya utari muto aha ntituvuze umwanya umuntu amara arindiriye inyishu y’ibipimo,uko umurwayi ateba kuvurwa niko indwara itera igwiza ubukare umurwayi agatera aremba ndetse n’ugupfa agashobora gupfa kubera atakwiriranywe neza.Muri ico gihe umukozi yigenza nkuko yotegerezwa gutangwako akarorero muguhanwa hisunzwe amategeko.
Akarorero ntikabuze ,Nta minsi myinshi irahera twumvise umukozi yarajejwe gusinziriza abagwayi mu bitaro vyo kwibaruka vy’imakamba ,ntashobore kwitaho uwo mukenyezi gushika aho yitaba Imana.
Ukugwiza abaganga babinonosoye mu bitaro vyose vyo mu Gihugu
Kubitaro bitari bike vyo hagati mu Gihugu, usanga hakenye abaganga bamwe bita aba spécialiste , umugwayi aje kw’ivuza ugasanga bisaba ko bamurungika mu bitaro bizimvye vy’ibujumbura kuko ariho haba hari abaganga babishoboye ivyo navyo bikaba bifise impinduka zitari nke na cane cane ku munyagihugu mutomuto usanga abayeho ku buryo bubayebaye ,no kugira ashobore gushika muri ivyo bitaro bidashobora kumworohera ari naho usanga bisaba ko uwo munyagihugu abanza kudandaza agatongo aba yarafise kugira ashobore kwivuza.
Igikwiye gukorwa
Leta irakwiye gufata ingingo ruhasha mu kugarukira ico gisata,ibitaro bidakwije ivyangombwa bikugarwa,abadandaza imiti y’amagendu bagatuzwa,ibitaro bitoto bikagira imiti ikwiye kuko hariho ivyo usanga bibayeho kw’izina gusa .Ikindi leta yokora nuko yogerageza kurondera abaganga bakwiye ku buryo ivuriro ryose rifita abaganga batandukanye banonosoye indwara zitandukanye,abaganga nabo bakarushirizaho gukora neza akazi bajejwe mu kwitaho abagwayi, gutyo igisata c’amagara y’abantu kikarushirizaho gutera imbere n’Igihugu kigatera imbere.
Subscribe to:
Posts (Atom)