Saturday, 11 March 2017
Twijukire kwisuzumisha umugera wa SIDA ku ngombwa yacu
Ugutinya kw’isuzumisha umugera w’indwara ya SIDA ni kimwe mu bituma iyo ndwara iguma isinzikaza abarundi.
Indwara y ‘umugera wa SIDA, ni indwara yamenyekanye mu burundi kuva mu mwaka 1983, abantu rero bakaba baciye bayifata nk’ikiza kuko ari indwara idakira kandi yandukira biciye mu buryo bw’inshi nko mu gukoresha ibikoresho bitobora uruhu vyakoreshejwe n’uwuyigwaye,mu busambanyi n’ibindi. Kugiratu abantu bashobore kuyigwanya,leta ikaba yarasizeho itegeko ry’uko umuntu wese azoba ashaka kubaka ugwiwe biciye mu mategeko azobanza kuja kwa muganga kugira ashobore kwi pimisha gutyo amenye ko bagiye kubakana bose bakomeye.Twomenya ko n’abagore baje gusuzumisha imbanyi ubwa mbere bategerezwa kwipimisha uwo mugera.Hambavu yiryo tegeko,leta y’Ubururundi ikaba yama iriko irahimiriza abanyagihugu kugira bame baja kwipimisha kungombwa yabo uko amezi atatu aheze kugira babeho bazi uko amagara yabo yifashe na cane kuvyerekeye ico kiza.
Abarundi boba bigenza gute mu kugerageza kwitaho amagara yabo mu kwisuzumisha?
Haba kuzindi ngwara zibangamira amagara y’abantu ,ndetse nico kiza,icibonekeza nuko abarundi tutaramenya neza uko twobungabunga amagara yacu,kuko abatari bake bibuka kuja kwa muganga ari uko bagwaye bakagera kure ,bakibagira ko hari indwara nyinshi umuntu agendana atazi mbere zikazogera kwibonekeza zitagishobora kuvugwa ngo zikire, abenshi bagaca bivugira ngo naka yishwe n’amarozi naho vyavuye mu kutitaho amagara yiwe ngo yisuzumishe hakiri kare.
Igituma batinya kwipimisha.
Umwigeme umwe twayaze mugihe yarazananye na mugeziwe kwisuzumisha umugera wa sida kuko bashaka kubaka urwabo ,ndamubajije ko atari bwigere yipimisha ,yanyishuye ati :naha nje kubera ari itegeko.
Ndamubajije igituma atabikunda yanyishuye ati :mugihe ugiye kwisuzumisha ugasanga waramaze kwandura uca wihebura kuko uca ubona ko ubuzima bwawe bugiye kurangira vuba bigatuma atamigambi y’iterabere uba ukirangura.
Akamaro ko kwisuzumisha umugera wa SIDA.
Iyo umuntu amenye neza ko akomeye,biramufasha mu gushobora kuguma abungabunga neza amagara yiwe kugirango ntiyandure uwo mugera.No kuwamaze kuwandura nyene ,akamaro ni kanini cane kuko nawe bimutuma amenya uko ashobora kwifata mu kutanduza abandi no mu kutaguma yongereza imigera mu mubiri bigatuma agabanya ikiringo co kubaho.Ikindi naco nuko aca amenya ko ashobora kwegera muganga kugira amuhe impanuro zizotuma ashobora kwifata mu mibereho ya misi yose,hama akegera amashirahamwe ajejwe gufata mu mugongo abagwayi ba SIDA kugira azagume aronswa imiti ipfupfahaza iyo ndwara k’ubuntu.
Ico twari dukwiye kumenya.
Abantu twese turakwiye kumenya ko amagara ari amazi aseseka ntibayore ,tukijukira kwipimisha umugera wa sida kugushaka kwacu kugira tumenye ukuntu twoshobora kwikingira mu gihe dusanze tutarandura,dusanze twaranduye naho tukamenya uko dushobora kwigenza dukurikije impanuro zo kwa muganga.Umugwayi wa sida ,mugihe akwirikije neza impanuro zo kwa muganga, arashobora kurambana iyo ndwara mbere akanarangura n’imigambi y’iterambere nk’abandi,tutibagiye ko ashobora n’ukwibaruka,abana bakomeye ,ari naco gituma atawarakwiye kwihebura ngo nuko asanze yaranduye umugera wa sida.
Subscribe to:
Posts (Atom)