Wednesday, 12 October 2016
Twokwifata gute mu kubungabunga amagara yacu?
.Ubuzima bw,umuntu ni amazi aseseka ntibayore 'ari nanco gituma twari dukwiye kuyabungabunga.None twoyabungabunga gute?Isuku nico kintu cambere twari dukwiye gukora imbete ya vyose kuko indwara nyinshi zituruka kw,isuku rike be n ,ukuntu twigenza mu buzima bwa minsi yose haba mundero,mu gufungura hamwe mbere n ibikorwa dukora biruhisha canke bitera indwara nyinshi mugihe ababikora batikingiye bikwiye aha twovuga nk,abimba ubutare canke abakora mu mahinguriro aho usanga ibimashine biguma bihinda mbere bigashobora n'ugutera indwara zo kuziba amatwi tutibagiye ivyuka bishobora gutera indwara za kansera n,izindi.umuntu rero arakwiye kuraba ico mubera intambamyi muri ivyo vyose hama akaraba uko yobirwanya hakiri kare kuko hari indwara iyo umutu ayanduye adashobora kuyikira canke ikamutwara amahera menshi mukuyivuza.ugufungura neza navyonyene biratuma indwara zigabanuka, kuko ufunguye nabi umubiri udaheza ngo ugire abasoda bakwiye bawukingira ind indwara.ukudasuzumisha amagara yacu n,ukutivuza hakiri kare ni bimwe mubituma amagara yacu yose .Abatari bake twibuka kwtura muganga iyo tugeramiwe,ivyo navyo bikaba bishobora gutuma tudashobora gukira neza kuko haraho indwara iba yamaze kurengerana.kugira imyimenyerezo nko gukina canke kwiruka n,ukugira ingendo z amaguru kenshi navyo vyotuma tubaho neza.Twari dukwiye rero kwitwararika amagara yacu mu gukurikiza impanuro za muganga ,tukijukira kwikingira gusumba kwivuza
Subscribe to:
Posts (Atom)