Friday, 5 August 2016
Uko twofungura indimu
Nkuko twavyisomeye mugisomwa citwa Indimu ni kirumara ku magara y abantu yo kuwa 22 ndamukiza 2016 mu kinyamakuru ngurukanabumenyi Yaga burundi ,indimu idufitiye akamaro kanini kuko ishobora gukinga no kuvura ingwara nyinshi nka kansera y'igitereko,y,umushishito ,y,igitigu,ikavura inkorora,ikagabanya ibiro,ivumbuka ry,umurindi w,amaraso n,izindi.Abagize ico bakivugako babaye benshi babajije ibibazo vy,ukuntu bofungura ico camwa .Twomenyako ico camwa ushobora kugifungura conyene ,mugitondo canke ukagikanyira mu mazi ashushe canke akanye,urashobora no kugifungura mubifungurwa bihiye'mbere ukanayikanyira mucayi.Uwufise ingwara y,umushishito yogifungura mu nfungurwa kuko gishobora gutuma umushishito ukuburuka.Abavuga ko ico camwa coba conona amagufa,ivyo sivyo kuko gifise vitamine C ituma amagufa akomera.uwugwaye ingwara ya Angine nawe asjobora gufata ica kabiri c indimu mukirahuri c'amazi akavanga n,ikiyiko kimwe c'ubuki bw'umutsama.kubantu bafita ibiro birenze boyifata iminsi yose badasiba mugitondo batarafungura.N abafiseike nabonyene boyifugura 'nka gatatu mundwi canke kane.Indimu imwe k umunsi irakwiye
.Dufungure indimu kugira tugire amagara meza.
Subscribe to:
Posts (Atom)